Skip Navigation
The Endowment for Human Development
The Endowment for Human Development
Improving lifelong health one pregnancy at a time.
Donate Now Get Free Videos

Multilingual Illustrated DVD [Tutorial]

The Biology of Prenatal Development




IBINYABUZIMA BIJANA NO GUTWITA

.Kirundi [Kirundi (Rundi)]


National Geographic Society This program is distributed in the U.S. and Canada by National Geographic and EHD. [learn more]

Choose Language:
Download English PDF  Download Spanish PDF  Download French PDF  What is PDF?
 

Chapter 15   5 Weeks: Cerebral Hemispheres

Hagati y' amayinga 4 na 5, ubwonko bukomeza gukura vuba kandi bukigabanyamo imirwi 5 itandukanye.

Umutwe uba ufite ibihwanye na 1/3 c'isoro ryose.

Ibitereko vy'ubwonko bigaragara, buhoro-buhoro. uko bigenda biba binini.

Imikorere ikagenzurwa n'ibitereko vy'ubwonko harimo, ibitekerezo, kwiga, kwibuka, kuvuga, inzozi, kumva, kwinyagambura kubushake, no gukemura ibibazo.

Chapter 16   Major Airways

Mubuhumekero, iburyo n'ibumoso shingiro ry'ibihaha hari kandi hashobora kwifatanya n'umuyoboro, cangwa umukenke w'umuyaga, w'ibihaha.

Chapter 17   Liver and Kidneys

Reba uburyo umwijima munini wuzuye inda uteganye n'umutima utera.

Imfyiko zihoraho zigaragara mugihe c' amayinga 5.

Chapter 18   Yolk Sac and Germ Cells

Umuhondo w'igi uba ufite ibinyabuzima kamere vyitwa imbuto. Mugihe c'amayinga 5 izo mbuto zirimuka kugira ngo zivemo ibihimba vy'umubiri bigategana n'imfyiko.

Chapter 19   Hand Plates and Cartilage

Nanone mugihe c'amayinga 5, isoro rikuza ibiganza imbavu zitangira kubaho mugihe c' amayinga 5 ½.

Hano turabona ikiganza c'ibumoso Naho inkokora iboneka nyuma y' amayinga 5 n'iminsi 6.

Embryonic Development: 6 to 8 Weeks

Chapter 20   6 Weeks: Motion and Sensation

Mugihe c' amayinga 6 ibitereko by'ubwonko bikura vuba kuburyo budahuje kurusha ibindi bice vy'ubwonko.

Isoro ritangura gukora no kwinyagambura ritabwirijwe. Kwigira gutyo ni ngombwa kugira ngo imitsi igize umubiri ikure ibi bisanzwe.

Gukora mugace k'umunwa bituma isoro rikuraho umutwe waryo.

Chapter 21   The External Ear and Blood Cell Formation

Ugutwi gusanzwe gutangura kwishushanya.

Mugihe c' amayinga 6, amaraso atangura kubaho mu mwijima urukoko rw'amavuta rutangura kubaho. Ubu bwoko bw'utuburungu tw'amaraso yera ni igice c'ingenzi murwego rwo guha ingabo umubiri.

Chapter 22   The Diaphragm and Intestines

Ubuhumekero, imitsi y'ibanze ikora muguhumeka, ibaho ahanini mugihe c' amayinga 6.

Amwe mu mara agaragara vy'agateganyo mu mukondo. Urwo rutonde rusanzwe, nirwo rwitwa urutirigongo, rutegurira ibindi bihimba bigikura munda.

Chapter 23   Hand Plates and Brainwaves

Mu mayinga 6 ibiganza biboneka muburyo butaziguye.

Umuhengeri w'ubwonko uba waragaragaye mugihe c' amayinga 6 n'iminsi 2.

Chapter 24   Nipple Formation

Utubumbankore n'izindi ngingo zigaragara igihe gito mbere yo kuja aho bugomba kuba imbere y'igituza.

Chapter 25   Limb Development

Mugihe c' amayinga 6 ½, inkokora ziba zigaragara, intoki zitangura gutandukana, ukwinyagambura kw'amaboko gushobora kuboneka.

Amagufwa kubaho, arico bita mboneza magufwa, bitangurana n'ibitugu, cangwa akarondo k'amagufwa, n'amagufwa yohejuru n'ayo hasi y'umusaya.

Chapter 26   7 Weeks: Hiccups and Startle Response

Isepfu iba yaragaragaye Mu gihe c' amayinga 7.

Amaguru uko yinyagambura bishobora kuboneka kimwe n'uburyo yikanga.

Chapter 27   The Maturing Heart

Ivyumba 4 vy'umutima biba ahanini vyuzuye. Mukigereranyo, umutima uba utera inshuro 167 ku munota.

Imikorere y'amashanyarazi y'umutima ibaho mu m' amayinga 7 ½ werekana umuhengeri nk'uwumuntu mukuru.

Chapter 28   Ovaries and Eyes

Mugitsina c'umugore amagi aboneka mugihe c' amayinga 7.

Mugihe c' amayinga 7 ½, amabara y'imboni z'amaso agaragara kuburyo bworoshe ndetse n'ibiziga vyayo kuko bitangura igihe co gukura nko kuvumbuka.

Chapter 29   Fingers and Toes

Intoki ziba zitandukanye n'amano aba afatanije kuntangiro.

Amaboko ashobora noneho kuja hamwe, nkuko amaguru nayo aruko.

Amavi agaragara afatanye.

The 8-Week Embryo

Chapter 30   8 Weeks: Brain Development

Mu m' amayinga 8 ubwonko buba bwarakuze rwose buba bungana na kimwe ca kabiri c'ibiro vyose vy'uruyoya.

Gukura gukomeza kwihuta Ku buryo budasanzwe.

Chapter 31   Right- and Left-Handedness

Mugihe c' amayinga 8, 75% vy'inzoya ahanini zerekana iburyo bwazo. Igihimba gisigaye kigabanyamo imigabane ingana hagati y'ibumoso n'ahandi. Ivyo nivyo bimenyetso vy'uko umwana azakoresha indyo cangwa imoso.

Chapter 32   Rolling Over

Abaganga bavura abana nibo babifitemo "ubuzobere" nkuko bigaragara mu m' amayinga 10 kugeza ku 20 nyuma yo kuvuka. Ariko nanone, urwo ruhererekane ruhambaye rwerekana bigikubita aho uburemere buke buri bwa ya mavuta arinda igi gukomereka. Keretse gusa habuze imbaraga zikenewe kugira ngo haneshwe ibogama ry'ingufu ziturutse kuruhande ubundi ikiziba c'inda kirinda umwana impanuka.

Uruyoya rutangura gukubagana muri ico gihe.

Ashobora gukubagana buhoro cangwa cane, rimwe cangwa kenshi, kubushake cangwa hari impamvu.

Umutwe kuwubona ahandi, ijosi ari uko, n'akaboko kakagaragara ivyo bikunze kubaho.

Gukora ku ruyoya bituma rukinisha imisaya, rukerekana gupfumbata cane, no kwereka ino.

Chapter 33   Eyelid Fusion

Hagati y' amayinga 7 n'8, ibitsike vy'amaso bikura vuba hejuru y'amaso bikaja no kwegerana.

Chapter 34   "Breathing" Motion and Urination

Nubwo nta muyaga uba uri mu kiziba c'inda, uruyoya rwerekana rimwe na rimwe uburyo bwo guhumeka mu m'ayinga 8.

Muri iki gihe, imfyiko zisohora amasobe akaja muri wa mufuka w'amavuta.

Mw'isoro rizovukamo igitsina gabo, haboneka ibimenyetso vyuko hazavuka umuhungu.

Chapter 35   The Limbs and Skin

Amagufwa, ingingo, inyama, ibitekerezo, n'imitsi y'amaraso vy'umubiri bija gusa n'ivy'abantu bakuru.

Mu m' amayinga 8 uruhu rwo hanze, cangwa uruhu rusanzwe, rufata imbera byombi, rutakaza ububonerane bwarwo.

Ingohe zikura nk'umusatsi ugaragara iruhande rw'umunwa.

Chapter 36   Summary of the First 8 Weeks

Amayinga 8 bigaragaza kurangira igihe c'isoro.

Muri iki gihe, isoro ry'umuntu riba ryararumbutse kuva kukaburungu kamwe kugeza hafi k'utuburungu miriyardi 1 arivyo bigira ibihimba birenze 4,000 vy'umuntu.

Ubwo rero isoro riba rifite ibirenze 90% vy'ibihimba biboneka mu bantu bakuru.


Add a Comment

Your Name: Log In 3rd-party login: Facebook     Google     Yahoo

Comment: