Skip Navigation
The Endowment for Human Development
The Endowment for Human Development
Improving lifelong health one pregnancy at a time.
Donate Now Get Free Videos

Multilingual Illustrated DVD [Tutorial]

The Biology of Prenatal Development




IBINYABUZIMA BIJANA NO GUTWITA

.Kirundi [Kirundi (Rundi)]


National Geographic Society This program is distributed in the U.S. and Canada by National Geographic and EHD. [learn more]

Choose Language:
Download English PDF  Download Spanish PDF  Download French PDF  What is PDF?
 

The 8-Week Embryo

Chapter 30   8 Weeks: Brain Development

Mu m' amayinga 8 ubwonko buba bwarakuze rwose buba bungana na kimwe ca kabiri c'ibiro vyose vy'uruyoya.

Gukura gukomeza kwihuta Ku buryo budasanzwe.

Chapter 31   Right- and Left-Handedness

Mugihe c' amayinga 8, 75% vy'inzoya ahanini zerekana iburyo bwazo. Igihimba gisigaye kigabanyamo imigabane ingana hagati y'ibumoso n'ahandi. Ivyo nivyo bimenyetso vy'uko umwana azakoresha indyo cangwa imoso.

Chapter 32   Rolling Over

Abaganga bavura abana nibo babifitemo "ubuzobere" nkuko bigaragara mu m' amayinga 10 kugeza ku 20 nyuma yo kuvuka. Ariko nanone, urwo ruhererekane ruhambaye rwerekana bigikubita aho uburemere buke buri bwa ya mavuta arinda igi gukomereka. Keretse gusa habuze imbaraga zikenewe kugira ngo haneshwe ibogama ry'ingufu ziturutse kuruhande ubundi ikiziba c'inda kirinda umwana impanuka.

Uruyoya rutangura gukubagana muri ico gihe.

Ashobora gukubagana buhoro cangwa cane, rimwe cangwa kenshi, kubushake cangwa hari impamvu.

Umutwe kuwubona ahandi, ijosi ari uko, n'akaboko kakagaragara ivyo bikunze kubaho.

Gukora ku ruyoya bituma rukinisha imisaya, rukerekana gupfumbata cane, no kwereka ino.

Chapter 33   Eyelid Fusion

Hagati y' amayinga 7 n'8, ibitsike vy'amaso bikura vuba hejuru y'amaso bikaja no kwegerana.

Chapter 34   "Breathing" Motion and Urination

Nubwo nta muyaga uba uri mu kiziba c'inda, uruyoya rwerekana rimwe na rimwe uburyo bwo guhumeka mu m'ayinga 8.

Muri iki gihe, imfyiko zisohora amasobe akaja muri wa mufuka w'amavuta.

Mw'isoro rizovukamo igitsina gabo, haboneka ibimenyetso vyuko hazavuka umuhungu.

Chapter 35   The Limbs and Skin

Amagufwa, ingingo, inyama, ibitekerezo, n'imitsi y'amaraso vy'umubiri bija gusa n'ivy'abantu bakuru.

Mu m' amayinga 8 uruhu rwo hanze, cangwa uruhu rusanzwe, rufata imbera byombi, rutakaza ububonerane bwarwo.

Ingohe zikura nk'umusatsi ugaragara iruhande rw'umunwa.

Chapter 36   Summary of the First 8 Weeks

Amayinga 8 bigaragaza kurangira igihe c'isoro.

Muri iki gihe, isoro ry'umuntu riba ryararumbutse kuva kukaburungu kamwe kugeza hafi k'utuburungu miriyardi 1 arivyo bigira ibihimba birenze 4,000 vy'umuntu.

Ubwo rero isoro riba rifite ibirenze 90% vy'ibihimba biboneka mu bantu bakuru.


Add a Comment

Your Name: Log In 3rd-party login: Facebook     Google     Yahoo

Comment: